Gatolika mu Burundi iriyamiriza amatora ya kamarampaka

Umukuru w'inama y'abepiskopi b'u Burundi Musenyeri Joachim Ntahondereye
Insiguro y'isanamu, Umukuru w'inama y'abepiskopi b'u Burundi Musenyeri Joachim Ntahondereye

Abasenyeri b'ishengero Gatolika mu Burundi bariyamiriza amatora ya kamarampaka yimirije, yo kwemeza canke guhakana ihinyanyurwa ry'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi.

Vyemejwe ko ibwirizwa shingiro rihinduka, birashoboka ko Prezida Nkurunziza, aramutse agenywe n'umugambwe CNDD FDD, yoguma ku butegetsi gushika mu 2034.

Abo basenyeri cumi bavuze ko igihe kitaragera c'uko hotorwa kw'ihindurwa rikomeye ry'ibwirizwa shingiro.

Umuvugizi wabo, musenyeri Joachim Ntahondereye, yavuze ko Abarundi batinya kuvuga ico biyumvira kuko abajejwe intwaro babateye ubwoba.

Intureka zakurikiye igenwa rya Prezida Pierre Nkurunziza ngo azoserukire CNDD FDD mu matora yo mu 2015, zahitanye abantu bivugwa ko boba bashika ku gihumbi, abandi ibihumbi amajana barahunga.

Pierre Nkurunziza, umukuru w'igihugu c'u Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Hakurikijwe ibwirizwa shingiro rishasha, Pierre Nkurunziza ashobora kuguma ku butegetsi gushika mu 2034

Abanyepolike batavuga rumwe na leta bari hanze y'igihugu baranse kwitaba ayo matora ya kamarampaka.

Bavuga ko ibwirizwa shingiro rihinyanyuye ritubahiriza amasezerano ya Arusha, ariko leta y'u Burundi yoyo ikavuga ko iyubahiriza ahubwo ikanashiramwo akarusho.