Ni kubera iki abanya Ghana batihutira gupfuba abapfuye?

Umugabo avuza ingoma ari kumwe n'abandi banye Ghana igihe co gushingura umuhisi John Atta Mills yahora atwara igihugu ca Ghana

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Umugabo avuza ingoma ari kumwe n'abandi banye Ghana igihe co gushingura umuhisi John Atta Mills yahora atwara igihugu ca Ghana

Mu gihugu ca Ghana ibiziga biramara amezi canke imyaka imiryango iri mu mpari z'ingene uwitavye Imana yoshingugwa, ni ibigiye gusigurwa n'umwanditsi Elizabeth Ohene.

Mu ndwi iheze hari iyindi nkuru y'umwihariko yari mu makuru ijanye n'ugushingura abasezeye.

Ikiziga c'umutware amaze imyaka itandatu apfuye cari kikiri mu buruhukiro mu gihe umuryango waguma mu mpari z'uwukwiye kurongora ikigandaro.

Vyaranshavuje cane, nkuko niyamira, niko Elizabeth Ohene yigana.

Iyo nkuru nta muntu yayitayeho kuberako dusanzwe tugumiza ibisigarira vy'abapfuye mu buruhukiro umwanya munini turiko turondera gukura mu nzira impari zama zikurikira urupfu muri kino gihugu.

Ibikorwa vyo gushingura uwapfuye birahinyanyugwa kandi ugasanga bitwara amahera menshi, utavuze amasandugu yo gushinguramwo usanga abaje ku buhinga kandi asharije.

Naho nagerageje kurondera kumenya igituma ibikorwa vyo gushingura bihagarika umutima abantu benshi, hari ibintu ntarashobora gutegera inyuma y'imyaka myinshi.

Amasandugu y'igitangaza

Caskets for sale in Ghana

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Abanya Ghana baravugwa cane muri Africa ku bijanye n'ingene bakora amasandugu y'abapfuye
Rino sandugu ry'inkona ryari ryateguriwe umutware

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Rino sandugu ry'inkona ryari ryateguriwe umutware
Ayo masandugu y'umwihariko akonze gukorwa n'abantu bo mu muryango w'aba Teshi i Accra

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Ayo masandugu y'umwihariko akonze gukorwa n'abantu bo mu muryango w'aba Teshi i Accra

Nagumye ngerageza kurondera insiguro.

Reka dufate uruhara rw'umuryango mu bikorwa vyo gushingura.

Ku bijanye n'imico yacu yemejwe na sentare, iyo umuntu apfuye, ibisigarira vyiwe n'ivy'umuryango.

Wibaza ko uzi abagize umuryango, ariko iyo hari umuntu apfuye, insiguro baha "umuryango" irahinduka.

Uwapfakaye hamwe n'abana ntibaba bakigize umuryango iyo hari umuntu yapfuye.

Gutamba hamwe n'ukuririmba ni ibikogwa igihe co kugandara muri Ghana

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Gutamba hamwe n'ukuririmba ni ibikogwa igihe co kugandara muri Ghana

Umuryango urambuye aho uwo muntu avuka, niwo uhitamwo uwurongora ibikorwa vy'ikigandaro hamwe n'ibindi vyose bijanye n'urwo rupfu.

Kenshi uwo "muryango" canke uwo muntu ahagarariye ikigandaro, baba bamaze nk'imyaka irenga 30 batavugana n'uwapfuye, ariko ugasanga aribo bafatwa nk'abazi kurusha uwapfuye kurusha uwapfakaye hamwe n'abana.

Haca hakurikira amanama arongogwa n'uwo "muryango", aho ijambo ry'uwapfakaye hamwe n'abana ata gaciro rigira.

Isandugu ya Cocoa

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Gushingura abapfuye bijanye n'umuco wo kwibuka abakera

Usanga bifata amayinga kugira ngo basohore itangazo ryo kumenyesha ko babuze, n'urutonde rw'abaza mu kigandaro. i

Vyinshi kuri Ghana no ku maziko:

Iyo ubonye itangazo ry'umuntu yapfuye mu binyamakuru vya Ghana, urakwiye kwiyumvira akazi kaba kakozwe kugira ngo ntihagire amakosa aba n'induru zaduka mu muryango.

Igikogwa co gutora uwurongora ikigandaro kirahamabaye, kuko uretse ivyo gukurikirana ivyerekeye ikigandaro, uwo mugabo (kuko nta mugore ahabwa ayo mabanga) niwe atangaza samuragwa.

Uwo mwanya wose ibisigarira vy'uwitavye Imana biba biri muri firigo, mu gihe haba hari n'impari zo kwumvikana ku gihe yoshingurigwako naho yoshingugwa.

Ntibitangaje ko usanga izo mpari zishitse muri sentare, ico gihe ikabuza uwariwe wese gukura ikiziga mu buruhukiro.

Kenshi uwapfuye agwa mu mporero kuko nta ruhara aba afise mw'izo mpari.

Isandugu y'ikirato

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Isandugu y'ikirato

Turondera gushingurana iteka uwapfuye.

Turasubiramwo inzu uwapfuye yahora abamwo canke hakubakwa inzu nshasha kugira ngo dukore ikigandaro ciza.

Ivyo birafata umwanya.

Iyo ushaka ko abantu b'icubahiro baza mu birori vyo gushingura, urondera itariki benshi bahurizako, ivyo navyo bigatwara umwanya.

Isandugu ry'imodoka

Ahavuye isanamu, Other

Insiguro y'isanamu, Abagwizatunga bakunze gushingugwa mw'isandugu ryakozwe nk'imodoka ya Mercedes.

Mu mpera z'indwi iheze, hari amaziko y'umugabo w'umunyapolitike afise amahinguriro, Nana Akenten Appiah-Menka.

Igitabo gisigura ivy'amaziko yiwe gifise impapuro 226, kikabamwo amafoto n'abashikirije amajambo kuri uwo mugabo yapfuye afise imyaka 84.

Elizabeth Ohene:

Elizabeth Ohene

Ahavuye isanamu, Elizabeth Ohene

"Mama yapfuye afise imyaka 90, tumushingura haciye indwi zitatu ariko bino bikaba vyafashwe nk'uguhumanya umuco"

Imbere yuko uburuhukiro butanguzwa muri kino gihugu, twashingura abapfuye mu minsi ibiri canke itatu munyuma tugashinga itariki yo kugandukako.

Muri kino gihe ikiziga c'uwapfuye kigumizwa mu buruhukiro imbere yuko gishingugwa mu mezi atatu canke atandatu.

Hari igihe bishika no ku mezi cumi canke umwaka.

Iyo ushinguye uwapfuye mu kiringo gito, usanga washavuje abantu.