Anniesa, rurangiranwa mu gucapa umwambaro "Hijab" yafunzwe yagirizwa forode

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umuhinga mu gushushanya no gushona impuzu, yanabaye rurangiranwa mu muji wa New York -Amerika- igihe abigeme biwe bose bari bitwikirije 'Hijab', yaciriwe gufungwa imyaka 18 yagirizwa ukubesha.
Anniesa Hasibuan co kimwe n'umugabo wiwe Andika Surachman, baturuka mu gihugu ca Indoneziya.
Bose bagirijwe forode, babicishije mu rudandazwa rwabo rufasha abafata ingendo -Agence-, bise 'First Travel.'
Yagiye muvyo gutunganya ingendo nto nto nyeranda, i Maka, ku ba Islamu.
Abaca manza bavuze ko abashaka kuja mur'izo ngendo barihishijwe ama dolari ya Amerika arenga i miliyoni 60.
Ariko Anniesa n'umugabo wiwe bagirijwe ubusuma kandi n'izo ngendo ntizigeze zibaho.
Anniesa Hasibuan yari yamenyekanye nk'umuhinga rurangiranwa muvy'inyambaro zijanye n'idini rya Islam.
Imideri yiwe si iya bose kuko izimvye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Imyambaro ahingura yanahiganywe i mu Bwongereza, muri Turikiya no mu Bufaransa.
Mu mwaka w'2016, yabwiye BBC ko ivyiyumviro vy'ivyo akora abikura ku nyambaro z'abaganwa kazi n'abamikazi.










