Amwe mu masanamu y'impuzi zihihungurwa na Anique Kabatesi

Anique Kabatesi ni Umurundikazi ahingura imideri y'impuzi n'ibindi vyambarwa n'ibikoresha bijana, akoresheje ibiti

Umukuru w'igihugu c'u Burundi, Pierre Nkurunziza, yambaye inkofero ikozwe mu biti yahinguwe na Anique Kabatesi
Insiguro y'isanamu, Mu bambara ibihingurwa na Anique Kabatesi, harimwo umukuru w'igihugu c'u Burundi hamwe n'uwuserukiye Ubufaransa mu Burundi.
Anique Kabatesi, umuhunguzi w'imideri akoresheje ibiti
Insiguro y'isanamu, Anique Kabatesi avuga ko akazi kiwe ariko konyene kamutunze, ngo kandi kanamurihiye ishure.
Anique Kabatesi, umuhunguzi w'imideri akoresheje ibiti
Insiguro y'isanamu, Anique Kabatesi avuga ko atakindi kintu yigeze ashaka gukora atari uwo mwuga wiwe.
Impuzi zikozwe mu biti
Insiguro y'isanamu, Impuzu zikozwe mu biti zihingurwa na Anique Kabatesi zitanguye gukundwa mu Burundi.
Impuzu n'isakoshi bihungurwa na Anique Kabatesi
Insiguro y'isanamu, Ivyo Anique Kabatesi ahingura vyose, birimwo n'amasakoshi, bikozwe mu biti.