Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Espanye na Kataloniya, bigiye kubandanya kubana gute?
IInyuma y'aho abahoze barongoye intara ya Kataloniya bahungiye igihugu, ubutungane bwa Espanye bubandanya bubarondeza, ariko Ububiligi buvuga ko ata mpamvu ihari yo kubafata.
Inyuma y'amezi atandatu bafashe ingingo yo guhungira mu Bubiligi, Toni Comin, Meritxell Serret na Lluís Puig babwiwe uno munsi ko batazorungikwa iwabo muri Kataloniya ku nguvu, kwitaba ubutungane bwa Espanye.
Iki gihugu kibagiriza kugumura, kugambarara hamwe no gukoresha nabi amahera y'igihugu.
Ubutungane bw'ububirigi bubona ko ivyo birego ataho bihuriye n'ubukozi bw'ikibi bwemewe mu mategeko ya Bulaya, ashobora gutuma umuntu aronderwa, agafatwa.
Carles Puigdemont yabaye peresida w'intara ya Kataloniya wewe aracari mu gihugu c'Ubudagi iyo yahungiye.
Arindiriye ingingo y'ubutungane mur'ico gihugu, ko arungikwa canke nt'arungikwe iwabo aho aronderwa n'ubutungane bwaho, bumwagiriza kuba yakoresheje nabi ubutunzi bw'igihugu.
Mu kurindira, umushikiranganji wa mbere wa Espanye Mariono Rajoy ariko yitegurira umubonano na Perezida mushasha w'intara ya Kataloniya Quim Torra.
Uwo mubonano witezwe ko itunganywa rishasha ry'intwaro, ryozotuma leta ya Espanye ishikana ubutegetsi bwayo, mu bihe bidasanzwe, mur'iyo ntara ya Kataloniya, iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Espanye.
Icizere n'icifuzo c'ubutegetsi bwa Espanye, n'uko abategetsi ba Kataloniya batigenza uko abo basubiriye bigenjeje.
Iyi ntara irondera ukwikukira burundu iniyonkoye ku gihugu ca Espanye. Amatora yabaye muri Catalonia mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2017, yerekanye ko iki kibazo kikimeze nk'igiti c'amahwa, ivyanatumye bamwe mubashaka ubwigenge banahungira mu bindi bihugu vya Bulaya.