Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abategetsi ba Catalogne birukanywe bahamagawe muri sentare
Abategetsi ba Catalogne bahagaritswe ku mirimo yabo bategetswe kwitaba muri sentare ntahinyuzwa ya Espagne bagirizwa gushaka kwiyonkora nokugumuka, inyuma y'amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa cumi.
Sentare ntahinyuzwa ya Madrid yategetse abategetsi 13 na batatu n'uwahoze arongoye intara ya Catalogne Carles Puigdemont, yamenyesheje ko adashobora kwitaba uwo mutahe, kwitaba muri iyo sentare.
"Uru ni urubanza rwa politike," ni ko Puigdemont yavuze ari mu Bubiligi.
Abashikirizamanza bashobora gusohora imitahe yo kubafata mu gihe batokwitaba.
Mu ndwi iheze, umushikiranganji wa mbere wa Espagne, Mariano Rajoy yategetse ko intara ya Catalogne itwarirwa i Madrid, ahagarika inama nshingamateka y'iyo ntara anahamagarira n'uko haba amatora yihuta.
Ivyo vyabaye inyuma y'aho abashingamateka b'intara ya Catalogne batoreye itegeko ry'uko iyo ntara ikomeye mu buzima bwa Espagne yigenga.
Reta ya Catalogne ivuga ko ibice 43% vy'abitavye amatora ya kamarampaka yo mu kwezi kwa cumi, 90% bemeje ko iyo ntara yikukira.