Abantu 9 bapfiriye mu gitero cagabwe kw'isengero muri Centrafrique

Umupadiri ari mu bapfuye muri Repubulika ya Centrafrique

Ahavuye isanamu, TWITTER

Insiguro y'isanamu, Umupadiri ari mu bapfuye muri Repubulika ya Centrafrique

Niburiburi abantu 9 bishwe abandi mirongo barakomereka mu gitero cagabwe kw'isengeo ryo ku mugwa mukuru Bangui mu gihugu ca Repubulika ya Centrafrique cagabwe n'abantu bataramenyekana, nkuko ikinyamakuru Reuters kivuga.

Isengero rya "Cathédrale Notre Dame de Fatima" ryagabweko ibitero vy'amasasu na gerenade mu misa yo mu gitondo, nkuko ababibonye bavyigana.

Radio y'abafaransa RFI ivuga ko mu bapfuye harimwo umupadiri.

Ntawuramenya nimba abantu bose batwawe mu bitaro, ko biciwe mw'isengero.

Abantu barenga 10 bariciwe muri iryo sengero igihe ritegwa mu 2014, nkuko umuryango mpuzamakungu Onu uvuga.

Umumenyeshamakuru wo mu gihugu yarungitse amashusho y'abantu baca mw'ibarabara Barthélemy Boganda ry'i Bangui, hafi y'ingoro y'umukuru w'igihugu ahari ibiro vya Onu, basaba umukuru w'igihugu gukomeza umutekano mu gihugu.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookien'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: Ibitangwa n'izindi mbuga bishobora kubamwo gutangaza

Impera ya X ubutumwa

Repubulika ya Centrafrique yagiye mu ndyane mu 2013, igihe inyeshamba z'aba Islamu bo mu mugwi Séléka bafatiye ubutegetsi mu gihugu kigwiriyemwo abakirisu.

Uwundi mugwi ugwiriyemwo abakirisu wiyita "anti-balaka" waciye uvuka ngo ugwanye abo muri Séléka.

Leta nshasha yatowe mu 2016 yarananiwe kugarukana amahoro muri ico gihugu kigwiriyemwo amabuye y'agaciro, kitaratekana kuva igihe cikukiye cikura Ubufaransa mu 1960.

Mu kwezi guheze, Onu ivuga ko abantu bari mu myiyerekano bashize ibiziga vy'abantu imbere y'ibiro bikuru vyayo i Bangui mu ntumbero ya politike.