Indyane zo muri CAR zatumye umuliyoni w'abanyagihugu bangara

Ahavuye isanamu, AFP
Abanyagihugu barenga umuliyoni baravuye mu ngo zabo kubera indyane ziri mu gihugu ca Repubulika ya Centrafrique (CAR), nkuko ikigo kijejwe impunzi "Norwegian Refugee Council" (NRC) kivuga.
Imigwi y'abafise ibigwanisho imaze gusinya amasezerano menshi mu myaka itatu iheze, ariko ingwano irabandanya kandi abantu barenga 100000 barahunze kuva mu kwezi kwa kane, niko ikigo NRC kivuga.
Kirongera kikavuga ko igitigiri c'imiryango yomowe ku nguvu, kiri ku rugero runini cane kuva aho ingwano igereye kw'isonga mu 2014.
Ico kigo gisaba amakungu kwitwararika kurusha ico kibazo mu ntumbero yo kurangiiza izo ndyane, agatanga n'uburyo bwo kugarukira kubo yasinzikaje.






