Igitero c'ubwiyahuzi ku kazu k'itora muri Afghanistan

Igitero c'ubwiyahuzi ku kazu k'itora ku mugwa mukuru wa Afghanistan, Kabul , cahitanye abantu 31, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abandi barenga 50 bakomeretse mw'isinzi ry'abantu bari barindiriye kw'injira muri ako kazu.

Umugwi wa Islamic State (IS) ni wiyitiriye ico gitero ubicishije mw'itororokanirizo ry'amakuru rya Amaq.

Ukwiyandikisha mu matora y'abashingamateka kwatanguye muri uku kwezi, ayo na yo akazoba mu kwezi kwa cumi.

Inkuru ya Amaq ivuga ko umwiyahuze yamba amabombe yateye ikigo c'itora kiri mu karere ka Dashte Barchi mu burengero bwa Kabul.

Umutekano n'ikintu kikigoye cane muri ico gihugu.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yabwiye BBC mu ntango z'uyu mwaka ko aba Taliban co kimwe na IS bose bagira ibitero ku banyagihugu kugira abanyagihugu bagumukehabe n'akajagari.