Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abapolisi batanu bishwe muri Afghanistan
Abapolisi batanu babuze ubuzima mu gitero c'abatalibani mu buseruko bwa Afghanistan.
Igipolisi co mu ntara ya Logar bavuze ko abantu bitwaje inkoho, barashem ku nyubakwa z'inama nshingamateka mu gisagara ca Pul-e-Alam.
Mubishwe harimwo umushikirizamanza mushasha.
Abandi bantu 19 bakomeretse.
Umugwi w'abataliban wavuze ko ari wo wagize ico gitero mu kwihora ku bwicanyi bwakozwe na reta bwahitanye abanyororo b'abatalibani mu kwezi guheze.