Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Diamond ariko arabazwa kuri video yashize ku mbuga ngurukanabumenyi
Umuririmvyi rurangiranwa wa Bongo Fleva, Nasibu Abdul Juma azwi kw'izina rya Diamond Platnumz ariko arabazwa n'igipolisi kuri video yashize ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye, aho aboneka ari mu gitanda akina n'uwundi muvyeyi Hamisa Mobetto hamwe n'uwundi mupfasoni ataramenyekana neza, amasanamu avugwa ko adakurikije imico n'imigenzo.
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru, imico n'inkino, Dr Harrison Mwakyembe yabwiye abashingamateka ko yahagaritswe hakurikijwe amategeko mashasha yerekeye imbuga ngurukanabumenyi aherutse kwemezwa mu kwezi guheze.
Reta yaheruka kuvuga ko kimwe mu bibazo biyikomereye ari imico iva hanze, kurinda imico n'imigenzo vy'abatanzania kubera uruja n'uruza rw'abantu kw'isi.
"Hari abantu rurangiranwa benshi bacu bagira ibintu bibi ku mbuga ngurukanabumenyi. Ejo twarafashe umuririmvyo Diamond, turamushikana imbere ya polisi akaba ariko arabazwa ku mafoto yakwiragije, na Nandi na we nyene ategerezwa gushikanwa imbere ya polisi kugira abazwe, ari na ko tunihweza ingene twobashikana imbere ya sentare.
"Ntere akamo ku rwaruka ko imbuga ngurukanabumenyi atari iyarara yo gutamwo imicafu, iki gihugu gifise imico dukeye kubungabunga", ni ko Mwakyembe yavuze.
Nandi na we nyene n'umuririmvyi rurangiranwa, video ariko ikaba yarakwiragijwe ku mbuga ngurukanabumenyi ari kumwe n'umuririmvyi mugenzi we Billnas bivugwa ko bakundana, yambaye agahuzu ko musi gusa agaramye iruhande y'uwo mukunzi wiwe.
Amategeko mashasdha agenga imbuga ngurukanabumenyi, yashizweho kugira zikoreshwe neza, mu gihe abayagwanya bavuga ko ayo mategeko ari ayo kubuza abantu gushikiriza iciyumviro muri Tanzania.