Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Myanmar yatanguye gutahukana aba Rohingya
Ubutegetsi bwa Myanmar buvuga ko bwahunguye umuryango wa mbere w'aba Rohingya bari mu gihugu ca Bangladesh, naho Onu yagabishije ko umutekano wotuma bataha utarakwira.
Aba Rohingya 700000 nibo bajabutse urubibe bahunze ubwicanyi bukogwa n'igisirikare, mu kwezi kw'umunani mu mwaka uheze.
Onu yagiriza Myanmar kurondera guhonya ubwoko bw'aba Rohingya - ubwo butegetsi bukaba bubihakana.
Myanmar ivuga ko abantu batanu b'umuryango umwe aribo binjiye ikambi y'agateganyo itegekanirijwe impunzi zihunguka ku munsi wa gatandatu, bahabwa ivyangombwa vyo kwibeshaho n'indangamuntu.
Buvuga ko uwo muryango uzoba ubaye umugwi wa mbere w'aba Rohingya utahutse, kuva igihe indyane zadukiye.
Mu ntango ya kuno kwezi, ubutegetsi bwa Myanmar bwakatiye abasirikare indwi igipfungo bagirizwa urupfu rw'abagabo cumi b'aba Rohingya.
Abanyagihugu bahungiye mu gihugu kibanyi ca Bangladesh, bavuga ko ubwo bwicanyi bwatandukiye ahantu hanini , kandi ko igisirikare cica ata gukuzako, abagore n'abakobwa bagafatwa ku nguvu, ibigwati bigaturigwa.
Aba Rohingya ni inkehwa z'aba Islamu baba i Myanmar.
Ubutegetsi ntibubemera, bukaba bwarabimye n'ivyangombwa buvuga ko ari abimukira bavuye mu gihugu ca Bangladesh.