Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bangladesh yarengewe n'ikibazo c'impunzi ziva Myanmar
Bangadesh ivuga ko ifise ikibazo gikomeye co kuronsa uburaro n'imfashanyo impunzi zishika ibihumbi 300 z'Abaislam b'aba Rohingya bahunze Myanmar.
Ivyo kurya, amazi hamwe n'imiti biriko birakeha cane mu gihe impunzi zibandanya gushika.
Zihunga ubwicanyi buri mu gihugu ca Myanmar, nyuma y'ibikorwa vya gisirikare vyo guhiga abarwanyi bimaze guhitana abantu amajana, ibigwati navyo bikaba vyaraturiwe.
Leta ya Myanmar yanse icifuzo co guhagarika imirwano cashikirijwe n'umugwi w'abarwanyi n'Abaislam bo mu bwoko bwa Rohingya.
Umugwi Arakan Rohingya Salvation Army watangaje ko uhagaritse ibikorwa vya gisirikare ikiringo c'ukwezi kumwe kugira imfashanyo ishobore gushikira abayikeneye.