Trump yiyemeje gufatira ingingo ruhasha Syria kubera ibitero vy'ubumara

Prezida wa Amerika Donald Trump yiyemeje 'gukoresha inguvu' mu kwishura ku gitero kivugwa ko ari ico ubumara muri Syria, mu gihe ibindi bihugu vya Buraya bicihweza ingingo vyofata.
"Dufise uburyo bwinshi bwa gisirikare," ni ko yabwiye abamenyeshamakuru.
Yongeyeko ko ingingo yo kwishura kuri ico gitero iza gufatwa mu 'mwanya muto'.
Inkuru zivuga ko abantu mirongo biciwe muri ico gitero, ariko igitigiri nyaco ntikiramenyekana.
Trump kandi yaraganiriye ivyerekeye ico gitero na mugenzi we w'Ubufaransa, Emmanuel Macron ku musi wa mbere ku mugoroba, abo bategetsi bose bemeranya kwishura kuri 'ico gitero'.

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Theresa May yavuze ko "yiyamirije yivuye inyuma" ico bitero "c'ububisha" kivugwa ko ari ico ubumara, anasaba ko abafashe mu mugongo Bashar al-Assad bobibazwa.
Amajambo yo kwiyamiriza ico gitego y'ibihugu vya Buraya yakurikiye inama y'ikitaraganya y'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi, aho Amerika n'Uburusiya bateranye amajambo kubera ico gitero c'i Douma.
Uwuserukira Amerika muri Onu, Nikki Haley yavuze ko abashigikiye igisirikare ca Syria bafise 'amaraso y'abana ba Syria' mu biganza vyabo.

Umupfasoni Haley yasavye ko hotorwa umugwi woja kugira amatohoza kuri iryo koreshwa ry'ibigwanisho vy'ubumara muri Syria ku musi wa kabiri.
Ariko Uburusiya bwavuze ko budashobora gushigikira iyo ngingo kuko harimwo ibice bidashobora gushigikirwa.










