Ingabo za Turukiya zafashe agace ka Afrin muri Syria

Igishusho c'aba Curdes co muri Afrin casambuwe na bulldozer

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igishusho c'aba Curdes co muri Afrin casambuwe na bulldozer

Igihugu ca Turukiya cavuze ko abo bacuditse muri Syria binjiye hagati mu gisagara ca Afrin muri Syria, ko ico gisagara muri kino gihe kigenzugwa na Turukiya.

Itangazo bivugwa ko ryasohowe na Prezida Recep Tayyip Erdogan ntiryemejwe n'imigwi ataho yegamiye, ariko amasanamu ari ku mbuga ngurukanabumenyi yerekana abagwanyi bafise amabendera y'igihugu ca Turukiya bari muri ico gisagara, amakuru akavuga ko ingabo zirongowe na Turukiya ziriko ziragenzura amabarabara zihiga abagwanyi b'aba Curdes.

Umumenyeshamakuru wa BBC yavuze ko ikibazo gihari ubu, ari kumenya niba Turukiya iza kuguma ikomeza ingwano gushika mu tundi duce tw'uburaruko bwa Syria turi mu minwe y'abagwanyi b'aba Curdes bo mu mugwi YPG, ifata nk'umugwi w'iterabwoba.

Inteko za Turukiya hamwe n'abagwanyi b'umugwi Free Syrian Army binjiye muri Afrin ku munsi wa Mungu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Inteko za Turukiya hamwe n'abagwanyi b'umugwi Free Syrian Army binjiye muri Afrin ku munsi wa Mungu

Abantu baharugwa mu bihumbi mirongo b'abasivile nibo bamaze guhunga igisagara ca Afrin muri ino minsi ya vuba.

Abasivile bamaze iminsi bariko bahunga igisagara ca Afrin

Ahavuye isanamu, AFP/GETTY

Insiguro y'isanamu, Abasivile bamaze iminsi bariko bahunga igisagara ca Afrin