Infashanyo zageze mu muji wa Ghouta

Ahavuye isanamu, YOUSSEF BADAWI
Ku ncuro ya mbere habonetse inzira yo kugemura infashanyo mu muji wa Ghouta mu buseruko bwa Syria kuva mu ndwi zibiri ziheze hatanguye intambara
Urwamo rw'ibirwanisho vya rutura hamwe n'amasasu vyariko birasirana mu gihe urwo rukurikirane rw'imodokari rwari rureruye infashanyo rwarengana mu muji wa Douma, n'ubwo vyari vyavuzwe ko hari agahengwe katanzwe k'amasaha atanu buri munsi.
Igihe ako gahengwe karangira, ibitero vya leta vyavuzwe ko vyari vyatanguye kandi hafi yaho
Abategetsi bavuga ko vyinshi mu vyari biteganijwe cane cane mu bikoresho vyo kwa muganga, haba ibijanye no kuvura abakomeretse, bitemerewe gupakururwa.






