Brezil: Lula yarengeje igihe ntarengwa co kwishikana ku gipolisi

Ahavuye isanamu, EPA
Uwahoze arongoye igihugu ca Brezil Luis Inacio Lula da Silva yinyegeje mu nyubakwa y'urunani rw'abakozi mu gisagara avukamwo, anze ya Sao Paulo, inyuma yo kwutubahiriza ikiringo ntarengwa co kwishikana ku gipolisi we nyene.
Uwo mutama w'imyaka 72 yategetswe kwishikana ku gipolisi kugira atangure umunyororo w'imyaka 12 yaciriwe na sentare yagirizwa igiturire.
Abamuburanira bavuga ko bariko baraganira n'igipolisi ku kungene yokwishikana.
Bamwe mu bamenyeshamakuru bavuga ko hari igihe yokwishikana ku wa gatandatu, abandi bakavuga ko ashobora kutishikana gushika iri yinga rirangire.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibihumbi n'ibihumbi vy'abamushigikiye bakoraniye hanze y'iyo nyubakwa i Sao Bernardo do Camp aho Lula ubu aba.
Umwe mu bashigikiye Lula, Joao Xavier yabwiye Reuters "Nibaza ko mu gihe igipolisi coza gufata Lula kitoronka aho gica."
Abategetsi bavuze ko badafata Lula nk'uwahunze kuko bazi neza aho ari.

Ahavuye isanamu, Reuters
Umukenguzamateka wo muri Brezil Gleisi Hoffmann yanditse kuri tweeter ko hashobora gusomwa imisa muri iyo nyubakwa y'urunani rw'abakozi ku wa gatandatu mu gitondo, mu kwibuka umupfasoni wa Lula Marisa Leticia yapfuye mu mwaka uheze.










