Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ikigendajuru c'Ubushinwa casambukiye hejuru ya Pacifique yo mu bumanuko
Ikigendajuru cononekaye c'Ubushinwa cashwanyutse mu bimanyu hejuru ya Pacifique yo mu bumanuko, igihe cari cinjiye mu kirere c'isi bita "atmosphere".
Ikigo c'Ubushinwa kigenzura ibigendajuru, cavuze ko igice kinini ca Tiangong-1 cahiye.
Bimwe mu bimanyu ngo vyaguye mw'ibahari, ku birometero 100 mu buraruko bushira uburengero bwa Tahiti.
Haheze imyaka ibiri vyanse ko Ubushinwa bugenzura ico kigendajuru.
Cari caguruwe mu 2011 kandi kikaba cari cagenzuwe n'abashinwa batandatu b'abahinga mu vy'ibigendajuru.
Ico kigendajuru c'uburebure bw'imetero cumi cari cakozwe mu mugambi wuko Ubushinwa bwoba bwifitiye ikigendajuru cabwo kigenzurigwa kw'isi ariko kiguma mu kirere bitarenze mu mwaka w'i 2023.