Abantu 8 bapfuye mu mpanuka ya kajugujugu muri Sénégal

Ahavuye isanamu, Getty Images
Impanuka y'indege yo mu bwoko bwa kajugujugu yahitanye abantu 8, abandi 12 barakomereka mu gihugu ca Sénégal.
Iyo mpanuka yabereye ahitwa Missirah, igisagara kiri hafi y'urubibe rw'igihugu ca Gambia mu buraruko.
Iyo ndege yaritwaye abantu 20 yariko iragaruka ivuye mu gisagara ca Ziguinchor ija i Dakar, itwaye ikiziga c'umuntu yitavye Imana.
Prezida Macky Sall yasavye ko hakogwa itohoza ryo kumenya icateye iryo sanganya, yifatanya n'imiryango y'ababuze.
Isanganya ya nyuma iheruka muri Sénégal ni iyo mu 2015, aho abantu indwi bapfuye naho nyene mu mpanuka y'indege.






