Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda baridoga kubera umushingamateka yagize ati "kubita abagore"
Umushingamateka wo muri Uganda aheruka guhimirizwa gusaba ikigongwe abahohoterwa mu ngo, nyuma y'aho abwiriye abagabo ko bari bakwiye gukubita abagore babo.
Onesimus Twinamasiko yavugiye kuri televiziyo yo muri Uganda, NTV, ati "nk'umuntu w'umugabo utegerezwa guha indero umugore wawe.
"Utegerezwa kumukorako gato, ukamutega umuteaho, ukamukubita kugira umushire ku murongo."
Ivyo yavuze vyariyamirijwe cane ku mbuga hwaniro, umwe mu bakomeye baharanira agateka k'abagore muri Uganda avuga ko uwo mushingamateka yari akwiye kwivuza.
Guhohotera abagore
Diana Kagere wo mu kigo kirwanira agateka k'abagore, CEDOVIP, yabariye BBC ati "Bwana Twinamasiko yari akwiye gusaba ikigongwe ku mugaragaro abagore bose bahohoterwa."
"Yari akwiye gukora ibikwiye agasubira kw'ijambo yavuze. Birababaje cane kubona umushingamateka yemanga guhohotera abagore nk'uku. Iki ni icaha."
Abagore barenga umwe kuri batanu bafise imyaka iri hagati ya 15-49 baramaze guhohoterwa muhira canke bagashurashuzwa ku nguvu muri Uganda, nk'uko bivugwa mu cigwa ca leta co mu mwaka uheze.
Abakoresha imbuga hwaniro bariyamirije cane video ngufi yacanacanyeko ku mbuga, ivuye ku munyamakuru wa NTV.