Trump yoba yatsinze umugore yashaka kumurega?

Stomy Daniels

Ahavuye isanamu, Google

Insiguro y'isanamu, Stomy Daniels, umugore ashaka kurega Trump

Uwunganira perezida Donald Trump mu mategeko, yaronse uburenganzira bwo kubuza umugore w'umukinyi wa sinema zo mu bwoko bwa 'pornographie', kuvuga ku mugaragaro imigenderanire boba baragiranye.

Umushingwamanza wa Trump yaronse uburenganzira bubuza Stormy Daniels gushira hanze ivya bo na perezida Trump.

Ivyo ngo vyaciye mu mwumvikano bagiranye bafashijwe n'umuhuza wo mw'ibanga mu kwezi guheze.

Iyo ngingo ibuza Stormy Daniels gutanga amakuru ayo ariyo yose, ku migenderanire yoba yaragiranye na Trump, nk'uko bitangazwa n'ibinyamakuru vyo muri Leta unze Ubumwe za Amerika.

Perezida Trump we avuga ko ibimuvugwako ku migenderanire yoba yaragiranye n'uwo mugore w'umukinyi wa 'porn' ari ibinyoma.

Trump

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Trump n'umuryango wiwe mu 2006

Stomy Daniels ngo yoba yaragiraniye imigenderanire na Trump umwaka wose, yatanguye mu 2006.

Uwujejwe kumenyasha amakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu Sarah Huckabee Sanders, nawe yabwiye abanyamakuru ko perezida Trump yatsinze urwo rubanza n'uwo mukinyi wa film, mu bisanzwe yitwa Stephanie Clifford, mu mwumvikano wo mu mpisho.

Ariko uwuserukira Stephanie Clifford imbere y'amategeko yabwiye tereviziyo CBS News ko abanyamakuru bahenzwe.

"Ati wotsinda gute mu rubanza uwo muhanganye atatumiwemwo"?

Umushingwamanza wa Trump Michael Cohen, yarungikiye iyo ngingo abunganira Madamu Clifford kuwa 28/02/2018, nk'uko bivugwa na tereviziyo NBC News.

Michael Cohen

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Michael Cohen, umushingwamanza wa Trump

Urwo rwandiko kandi rutegerezwa kuguma mw'ibanga nk'uko umucamanza yabitegetse.

Ivyo bigiye ahagaragara kuva aho Stephanie Clifford atanguye ikirego kuri Trump avuga ko amasezerano bagiranye mu 2016 yo kugumya ibanga ryabo yataye agaciro kuko Trump atayasinye.

Mu kirego yatanze ku kabiri muri Los Angeles, yavuze ko we yasinyanye ayo masezerano yo kudacira amate hasi n'umushingwamanza Cohen, ariko Trump ntiyayashirako umukono.

Kuri we rero ngo bisigura ko ataco amaze kandi kuyarenga ata ngaruka vyozana imbere y'amategeko.

Ico kirego kandi kiu vuga no kuvyo uruhande rwa Trump rwise umwumvikano wo mw'ibanga, wabaye mu kwezi guheze kuwa 27.

Bwana Cohen yaremeje mu kwezi guheze ko yarishe Clifford $130,000 (£95,000), ariko yanka gutomora ico yayamuhereye.