Muri Australia hatowe ubutumwa bwo mu kinjana ca 19

Ubutumwa bwari bumaze imyaka 132

Ahavuye isanamu, KYMILLMAN.COM

Insiguro y'isanamu, Abahinga baremeje ko ubutumwa bwatowe mw'icupa ari ubwasizwe mu mazi n'Abadagi bari mw'igerageza mu 1886

Icupa ryavuyemwo inzoga yo mu bwoko bwa gin, ryatowe ku nkengera z'amazi mu burengero bwa Australia, ririmwo ubutumwa bwanditse mu kidagi bwarungitswe mu 1886.

Iryo cupa bikekwa ko ryatawe mu mazi n'abari mu bwato bw'Ubudagi mw'ibahari Indiyano, bari mu kugerageza kuraba aho imikuba y'amazi igarukira.

Umuryango wa Kym na Tonya Illman watoye iryo cupa waritwaye mu kigo ndangamico ca Australia.

Kym na Tonya Illman

Ahavuye isanamu, KYMILLMAN.COM

Insiguro y'isanamu, Umuryango wa Kym na Tonya Illman watoye iryo cupa waritwaye mu kigo ndangamico ca Australia

Umugore yatoye ubwo butumwa yabanje kwibaza ko kwoba ari ugushaka guhuvya abantu, ariko ubwo butumwa bwahavuye busuzumwa n'ikigo ca Australia c'iratiro ry'ivya kahise, basanga koko n'ubwo ico gihe co mu kinjana ca 19.

Dr Ross Anderson, icegera c'umukuru ajejwe ivya kera mukigo c'iratiro rya kahise muri Auistralia, yemeje ko ubwo butumwa ari ubwo ukuri amaze kuvugana na bagenzi we bo mu Budagi na Hollande.

Ubushakashatsi bwakozwe mu bubiko bw'ivya kera bwasanze hari ikinyamakuru candika kw'igendereza ry'ibihe, cegerkana ko umusoza w'ubwato, yataye icupa mu mazi muri ico gihe.

Amatariki n'ikibanza iryo cupa ryari ryasizwemwo, bwahura n'ibiri muri iryo cupa, nk'uko Dr Anderson abivuga.

Umukono wari umwe

Ahavuye isanamu, WA MUSEUM

Insiguro y'isanamu, Urwandiko rwatowe mw'icupa n'ururi mu bubiko mu kinyamakuru birasa

Umukono wo muri ico kinyamakuru, hamwe n'uwo ku butumwa bwari muri iryo cupa vyarahura.

Kugeza ubu, ubutumwa bwafatwa nk'ubwa kera kurusha ubundi bwose, n'ukuvuga igihe kiri hagati y'aho bwatangiwe n'igihe bwatorewe, bwari ubwo muri Danemark bwatowe mu 1934, bumaze imyaka 108, nk'uko bigaragara mu mahiganwa yo guca imihigo ya Guinness.