Ibirwanisho ruhonyanganda vy'Uburusiya biri ku rundi rwego

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w'igihugu c'Uburusiya, Vladimiri Putin, yatangaje ko ico gihugu gifise urunganwe rushasha rw'ibirwanisho ruhonyanganda, ngo harimwo igisasu ca "missile ballistic" coraswa aho ariho hose kw'isi.
Mw'ijambo ryerekana ukuntu igihugu gihagaze yashikirije imbere y'uko haba amatora y'umukuru w'igihugu, yavuze ko izo missile zishobora gutwara udutwe twinshi tw'ibirwanisho ruhonyanganda, ngo kandi ntizizibirwa.
Yanatangaje ko Uburusiya buriko buragerageza indege nshasha itagira umudereva ishobora gutwara igisasu ruhonyanganda, ikaguruka ivuye ku bwato bugira munsi y'ukuzimu, submarine mu Congereza.
Yavuze ko Uburusiya bwategerezwa kugira ico bukora mu guhiganwa n'ukwiyubaka kw'igisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imbere y'uko ibirwanisho ruhonyanganda Uburusiya bwari busanganywe biba impfagusa.
Uburusiya bwarigeze kwagiriza Amerika kuba irenga ku masezerano yo kugabanaya ibirwanisho nk'ivyo, mu kurungika ibirwanisho bikomye i Buraya.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Amatora arimirije
Bwana Putin ahanganye n'abantu indwi mu matora yo kw'itariki 18 ukwezi kwa gatatu, naho ata n'umwe muri bo yitezwe gukwega abamushigikira benshi.
Umukuru w'igihugu nta kintu gihambaye yavuze ashikiriza imigambi yiwe, ari kumwe n'abandi bakandida ku munsi wa gatatu.
Uwabuze muri ivyo biganiro vyo kuri televiziyo n'uwo batavuga rumwe Alexei Navalny, yabujijwe kwitoza, munyuma asaba abayoboke biwe kutitaba amatora.
Prezida Putin ntiyiyamamaje cane, gushika ubu akaba ashikiriza bike ku bijanye n'imigambi yiwe mu myaka itandatu iri imbere.
Kugwanya ubukene
Mw'ijambo yashikirije abashingamateka n'abakenguzamateka uno munsi, yavuze ko yipfuza ko Uburusiya bufasha abanyagihugu kuramba nka kurya kwo mu Bufaransa no mu Buyapani.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu 2000 hari imiliyoni 42 z'abanyagihugu bakenye, muri kino gihe hari imiliyoni 20, avuga ko ico gitigiri gitegerezwa kuja hasi.
Yavuze ko Uburusiya butoraba inguvu bufise ngo burarame.










