Uburusiya burahakana ko bubangamiye umutekano wa Amerika

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uburusiya bwamenyesheje ko budashobora kwemera ko bubangamiye umutekano w'igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika (US), nkuko vyashikirijwe n'ubutegetsi bw'ico gihugu bushira ahabona ingendo nshasha ya US ku vy'umutekano.
Umuvugizi wa Kremlin Dmitri Peskov yavuze ko iyo ngendo ataho itaniye n'ubukoroni, ko ishingiye ku kubona ko hakwiye kuba igihugu kimwe c'igihangange, ariko avuga ko ikwiye kwihwezwa, ikanonosogwa.
Ubutegetsi bwa Pekin bwavuze nabwo ko Amerika yigenza nk'igihugu kiri mu ngwano itaraseruka (guerre froide).
Ashikiriza ingendo nshasha ya Amerika ku bijanye n'umutekano, Perezida wa Amerika Donald Trump yavuze kw'ibihugu vy'Ubushinwa n'Uburusiya bibangamiye Amerika ku vyerekeye ukwifatira igisata c'ubutunzi kw'isi.
Umuhanuzi wa Trump ku vy'umutekano w'igihugu, HRC McMaster, yabwiye BBC k'Uburusiya bumaze igihe mu bikogwa vyo kugumura abanyagihugu mu bihugu vyanyuzwe n'intwaro rusangi hamwe no kwivanga mu matora y'umukuru w'igihugu muri Amerika.
Bwana Trump yavuze ko Amerika igeze mu bihe vyo guhiganwa.
Uburusiya hamwe n'Ubushinwa ngo ni ibihugu vy'ibihangange bahanganywe ariko bategerezwa gukorana.
Bwana Trump yashikirije "inkingi zine" zigize iyo ngendo nshasha ariko nta na hamwe havugwa ukwubahiriza agateka ka zina muntu canke imigambi yoba afise ku kibazo c'ihindagurika ry'ibihe.
Izo nkingi zine zishingiye ku gukingira ubutaka bw'igihugu, guhayagiza ubutunzi bwa Amerika, gutsimbataza amahoro hakoreshejwe inguvu hamwe no gutuma Amerika igumana ijambo mu makungu.










