Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indongozi ikomeye y'abatalibani bo muri Pakistani yishwe
Umugwi w'abatalibani bo mu gihugu ca Pakistani wavuze ko indongozi ikomeye, Khalid Mehsud, yishwe mu gitero ca "drone" c'abanyamerika.
Mehsud yari icegera c'uwurongoye umugwi wihanikijwe mu gihugu, Tehrik-e Taliban Pakistan (TTP), igisata c'intagondwa c'umugwi "Islamist Pakistani Taliban".
Yishwe mu gitero ca "drone" ku munsi wa kane mu buraruko bwa Waziristan, hafi y'urubibe na Afuganistani, niko uwo mugwi wavuze mw'itangazo.
Umugwi TTP waregetsweko ibitero vyinshi vy'abiyahuzi, hamwe n'ibindi bitero bisanzwe.
Mu kwezi kwa 12, abagabo bitwaje ibigwanisho b'uwo mugwi bateye kw'ishuli ry'i Peshawar muri Pakistani, hapfa abantu icenda , hakomereka 36.
Urupfu rwa Mehsud rugiye guca inkokora umugwi w'abatalibani bo muri Pakistani, umaze kugabanya ibikogwa vyawo bitewe n'ibitero bimaze igihe vy'igisirikare ca Pakistani, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC Urdu Haroon Rashid avuga.
Pakistani officials claim many TTP militants have been forced to take refuge in Afghanistan as a result, our correspondent adds.