Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abitwaje ibigwanisho bateye ikigo c'imyimenyerezo i Peshawar
Abagabo bitwaje inkoho binjiye mu kigo bagiriramwo imyimenyerezo i Peshawar , bica abantu icenda bakomeretsa abandi 36.
Abagabo batatu baje bipfutse hose biniye muri ico kigo i Peshawar mu gitondo co ku musi wa gatanu.
Abateye bose bishwe, nk'uko igisirikare kibimenyesha.
Abatalibani bo muri Pakistani bamenyesheje ko ari bo bagize ico gitero.
Ico kigo coba cariko kiritegurira ibiruho vya Eid-e-Milad.
Ikintu kimwe caturikiye imbere muri ico kigo, nk'uko bivugwa mu binyamakuru bisubiramwo igisirikare.
Abasirikare n'igipolisi karuhariwe ni bagenzura ico kibanza.
Abanyeshure umunani n'umukozi umwe bishwe, nk'uko bivugwa n'igipolisi.
Umunyeshure umwe yakomeretse, Ahteshan ul-Haq yabwiye Reuters ko abanyeshure 120 kuri 400 ari ho bari bariigihe ico gtero caba, kubera benshi bari bamaze gutaha mu karuhuko k'impera z'iyinga.