Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Pakistani kigiye guhangana n'abari mu myiyerekano
Igisirikare ca Pakistan kivuga ko "citeguye" gufasha reta gushwiragiza abari mu myiyerekano batsimbaraye ku matwara ya kiislam bugaye ibarabara rikuru rya Islamabad.
Reta yasavye igisirikare kugarukana umutekano inyuma y'aho igipolisi kinaniriwe gushwiragiza abari mu myiyerekano ku musi wa gatandatu.
Ariko kandi ivyashikirijwe n'igisirikare bisa n'ibinegura uko reta yavyifashemwo, bavuga ko abapolisi batakoreshejwe neza.
Biramaze kumenyekana ko abantu batandatu ari bo bishwe.
Abandi 200 barakomeretse.
Igisirikare kirasaba insiguro zikwiye imbere y'uko kija gufasha.
Abari mu myiyerekano bamaze indwi nyinshi barapfunze ibarabara basaba ko umushikiranganji nw'ubutungane Zahid Hamid, ahagarikwa mu mabanga yiwe yagirizwa gutuka idini.
Iyo myiyerekano yarakwiye henshi gushika mu bindi bisagara harimwo na Lahore co mu bumanuko bwa Karachi.
Ku musi wa gatandatu, reta yarugaye vy'agateganyo ibinyamakuru bimwe bimwe vyigenga hamwe n'imbuga ngurukanabumenyo harimwo Faceook na Twitter hamwe na Instagram- batinya ko amakuru atangwa y'ikibiriraho y'ibikorwa vy'igipolisi ashobora kugira uruhara mu kugira ico kibazo ico idini gusumba.
Ibimenyeshamakuru vyo muri ico gihugu bivuga ko vyagumye vyugaye no ku musi wa Mungu.