Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 50 biciwe mu gitero muri Pakistan
Abantu bitwaje inkoho bateye ishure imwe y’igipolisi mu gisagara ca Quetta mu gihugu ca Pakistani.
Abantu batandatu binjiye mu mashure abapolisi bigiramwo batangura kubarasa, ubutegetsi bukavuga ko abantu 50 bishwe harimwo abanyeshure n’abajejwe umutekano, abandi bakaba bakomeretse.
Abakomeretse bagiye kuvurirwa mu bitaro.
Abanyeshure amajana n’amajana batabawe muri kaminuza y’igipolisi ya Balochistan mu gihe abasirikare baza gutana mu mitwe n’abo bateye.
Abateye bane bivugwa ko biciwe muri iryo tana mu mitwe n’igisirikare hamwe n’igiolisi, kandi nta mugwi n’umwe uriyitirira ico gitero.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Mir Sarfaraz Ahmed Bugti avuga ko igitigiri c’abahasize ubuzima muri ico gitero gishobora kwongerekana.
Urwamo rw’ibintu biturika n’amasase vyumvikana cane, nk’uko bivugwa n’umwe mubari aho vyabereye.
”Baguma biruka mu mazu yacu bagenda barasa, twebwe twaciye twiruka tuduga, hanyuma dusimbira hasi kugira dukize agahanga,” uko ni ko uwurongoye iyo shure yabwiye imboneshakure ya Geo.
Quetta ni intara irimwo igisagara gikuru ca Balochistan, imaze guterwa kenshi n’imigwi itandukanye hamwe n’abagwanyi ba ki isilamu.
Mu kwezi kw’umunani, abantu 88 barishwe mu bitero bitandukanye vya bombe vyagizwe ku bitaro no kubanyamategeko aho i Quetta nyene.