Leta y’u Burundi yashinguranye icubahiro umuvyeyi wa Ndadaye

Ahavuye isanamu, Burundi Presidence
Leta y'u Burundi yahaye icubahiro ca nyuma umuvyeyi wa Melchior Ndadaye, umukuru w'igihugu c'u Burundi wa mbere yatowe biciye mu nzira ya demokarasi.
Nyina wa Mechiro Ndadaye, Therese Bandushubwenge, yitavye imana ku wa 27 ukwezi kwa mbere uyu mwaka, afise imyaka 84.

Ahavuye isanamu, Burundi Presidence
Mu muhango wo kumusezera ubwa nyuma ku bitataro vy'abasirikare i Bujumbura, umukuru w'u Burundi Pierre Nkurunziza niho yari yari.
Umuhisi Bandushubwenge yagiye gushingurwa muri komine Nyabihanga mu ntara ya Mwaro aho yari asanzwe aba, leta ikaba ari yo yishinze ibijanye n'ishingurwa ryiwe vyose.
Urubanza rw'umuhungu wiwe
Umuvyeyi wa Melchior Ndadaye arinze yitaba Imana ataramenya abishe umuhungu wiwe n'ico bamuhoye.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Yari yatowe kuba umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatandandu mu 1993, ashikira amabanga mu kwezi kw'indwi, aca agandagurwa n'umugwi w'abasirikare itariki 21 ukwezi kw'icumi uwo mwaka nyene.
Melchior Ndadaye n'incungu ya demokrasi mu Burundi, kandi gushika ubu urubanza rujanye n'urwo rupfu ntirurahera.






