Igitero cahitanye abasirikare 10 muri Mali

Inteko za Onu zifasha kubungabunga amahoro muri Mali, Minusma, ziriyo kuva mu 2013

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inteko za Onu zifasha kubungabunga amahoro muri Mali, Minusma, ziriyo kuva mu 2013

Igisirikare ca Mali catangaje ko hari abasoda 10 bahitanywe n'igitero mu buraruko bw'igihugu.

Abandi bashika 20 ngo boba bakomeretse, ighe abikekwa kuba intagondwa z'aba Islamu batereye kw'ikambi ya gisirikare ya Soumpi.

Ibitero vy'intagondwa z'aba Islamu vyariyongeye muri ano mezi ya vuba.

Mu ntango z'ino ndwi abasivile 26 barishwe, igihe imodoka barimwo iciriye kuri mine hagati mu gihugu ca Mali.