UNICEF iravuga ko intambara ya Yemen ibangamiye cane abana

Abana bo muri Yemen baririmba indirimbo yo guhayagiza igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters/ Khaled Abdullah

Insiguro y'isanamu, UNICEF iravuga ko hari urunganwe rwose rw'abana ba Yemen ata bundi buzima ruzi atari intambara

Ishami rya ONU ryitaho abana UNICEF rimenyesha ko intambara yo muri Yemen yahavuye ihinduka iyirwanya abana, kuko abarenga 5000 muri bo bishwe canke bagakomereka mu myaka ibiri imaze.

UNICEF yemeza ko hari urunganwe rwose ubu ruriko ruraruka muri Yemen, rutigeze rumenya ubundi buzima na bumwe atari intambara.

Abana b'abanya Yemen bagera kuri miriyoni cumi n'imwe bakeneye infashanyo, kandi abagera ku miriyoni zibiri muri bo bafise ibibazo vyo gufungura nabi.

UNICEF isaba impande zose zerwa n'intambara kwitaho gukingira abana, ikavuga ko intumbero ya mbere kwoba uguhagarika intambara no gushika ku nyishu ya politike irama.