Fynn yagirijwe 'gutanga inkuru z'ibinyoma'

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwahoze ari umuhanuzi wa prezida Trump muvyo umutekano, Michael Flynn yagirijwe gutanga inkuru z'ibinyoma muri FBI mu kwezi kwa mbere.
Flynn yatanze imihoho ku nguvu inyuma y'aho bimenyekaniye ko yahenze ibiro vy'umukuru w'igihugu ko atabonanye n'uwuserukira Uburusiya muri Amerika imbere y'uko Trump ashika ku butegetsi.
Ivyo birego vyashizwe ahabona n'umucamanza yigenga Robert Mueller, nka bimwe muvyo amaze gutora mu matohoza arimwo yerekeye uruhara rw'Uburusiya mu matora yo mu 2016 muri Amerika.
Yagirizwa "kubesha n'ibigirankana" no " guhindura hamwe gushikiriza amajambo y'ibinyoma".






