Prezida Mnangagwa wa Zimbabwe yiyemeje gutwarira bose

Emmerson Mnangagwa ariko ararahira

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Emmerson Mnangagwa ariko ararahira

Prezida mushasha wa Zimbabwe ahejeje kurahira yashimagije uwo asubiriye Robert Mugabe ananiyemeza gushumbusha abazungu batswe amatongo

Mw'ijambo yashikirije ku kibuga cuzuyemwo abantu cas Harare, yavuze ko Mugabe ari we yamwigishije politike kandi ko bakoranye neza mu gisirikare.

Avuga kuri politike yateye impari nyinshi ya Mugabe yo kwaka amatongo abazungu, Mnangagwa yavuze adashobora kuyiharira canke kuyisubiramwo.

Yateye akamo abahawe ayo matongo kuyarima kugira bagaburire igihugu gishonje, anemera gushumbusha abayahoramwo.

Prezida mushasha wa Zimbabwe Mnangagwa ariko arashikiriza ijambo abanyagihugu

Ahavuye isanamu, ZBC

Insiguro y'isanamu, Prezida mushasha wa Zimbabwe Mnangagwa ariko arashikiriza ijambo abanyagihugu

Mu ndwi iheze igisirikare carahagaritse prezida Mugabe mu mabanga yiwe mu gushigikira Emmerson Mnangagwa yari ahejeje kwirukanwa mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu, mu ntumbero yo gucira inzira umugore wiwe Grace Mugabe, kumusubirira ku butegetsi.

Prezida Mnangagwa ariko aragenzura ingabo

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Prezida Mnangagwa ariko aragenzura ingabo
Harashwe ibikoho vya muzinga incuro 21 mu kwakira prezida Mnangagwa

Ahavuye isanamu, ZBC

Insiguro y'isanamu, Harashwe ibikoho vya muzinga incuro 21 mu kwakira prezida Mnangagwa