Prezida Mnangagwa wa Zimbabwe yiyemeje gutwarira bose

Ahavuye isanamu, Reuters
Prezida mushasha wa Zimbabwe ahejeje kurahira yashimagije uwo asubiriye Robert Mugabe ananiyemeza gushumbusha abazungu batswe amatongo
Mw'ijambo yashikirije ku kibuga cuzuyemwo abantu cas Harare, yavuze ko Mugabe ari we yamwigishije politike kandi ko bakoranye neza mu gisirikare.
Avuga kuri politike yateye impari nyinshi ya Mugabe yo kwaka amatongo abazungu, Mnangagwa yavuze adashobora kuyiharira canke kuyisubiramwo.
Yateye akamo abahawe ayo matongo kuyarima kugira bagaburire igihugu gishonje, anemera gushumbusha abayahoramwo.

Ahavuye isanamu, ZBC
Mu ndwi iheze igisirikare carahagaritse prezida Mugabe mu mabanga yiwe mu gushigikira Emmerson Mnangagwa yari ahejeje kwirukanwa mu kibanza c'icegera c'umukuru w'igihugu, mu ntumbero yo gucira inzira umugore wiwe Grace Mugabe, kumusubirira ku butegetsi.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, ZBC






