Zimbabwe: Mnangagwa yahowe kubaza igihe Mugabe azopfira

Ahavuye isanamu, AFP
Prezida Robert Mugabe w'imyaka 93, uno munsi yashimikiye ku cegera ciwe, Emmerson Mnangagwa, aheruka gukura mu mabanga, asigurira isinzi ry'abantu igituma yafashe iyo ngingo.
Umumenyeshamakuru wa BBC Shingai Nyoka, aravuga amajambo yabishikirijemwo:
"Nta nzira za hafi zibaho iyo umuntu ashaka kurongora abanyagihugu...
"Kuva kera twari tuzi ico [Mnangagwa] ari. Ariko twagerageje guhitamwo kubakingira.
"Yagiye mw'isengero ry'abahanuzi kubaza igihe Mugabe azopfira. Ariko abwigwa ko ariwe azotangura gupfa.
Yiyumviye ko kuba ari hafi yanje, ko nzomuhaka nkamushira ku bukuru bw'igihugu. Ariko sinapfuye, sinatanze imihoho.
Ntiyari umuntu mushasha mu muhari wacu, ku buryo twovuga ko yariko ariga. Twizeye ko tugiye kurondera abo bari kumwe muri uwo mugambi."

Ahavuye isanamu, Reuters






