Abanyeshuli batandatu bishwe na gerenade muri Tanzaniya

Ahavuye isanamu, SHABANI NABISU
Igisasu co mu bwoko bwa gerenade caturitse kw'ishuli ry'intango mu gihugu ca Tanzaniya, cica abanyeshuli batandatu, abashika 25 barakomereka, nkuko ababibonye bavyiganye.
Amakuru avuga ko abo bana bariko barakinisha gerenade batoye.
Batatu bapfuye bashikanywe ku bitaro, abandi bicwa n'inguma, nkuko umuganga w'ibitaro vya Rulenge, Mama Maria Goreth Fredricks, yabwiye BBC.
Iryo shuli riri mu ntara ya Kagera hafi y'urubibe rw'u Burundi.
Umumenyeshamakuru wa BBC, Leonard Mubali yavuze kw'igisasu caturitse coba ari igerenade, ngwishobora kuba iri mu bigwanisho abagwanyi b'u Burundi boba barasize basubiye mu gihugu c'amavuko.
Abanyagihugu bishikanye gutanga amaraso ku bakomeretse.
(Bino bibaye haheze amezi abiri abana batatu baragiriye hafi y'ahari inteko za gisirikare bishwe n'ikintu bakinisha, ciketswe ko coba cari gerenade yo mu minwe i Arusha, mu buraruko bw'igihugu.)






