Yanduje umugera wa SIDA abagore 30 ku bushake

Umugabo wo mu Butaliyano yagiranye imibonano idakingiye n'abagore 53 inyuma y'umwaka wa 2006, amaze kumenya ko agendana umugera wa SIDA.

Abagera ku 30 muri abo bagore bagendanye nawe barawanduye bituma bamurega.

Vatentino Talluto, akwije imyaka 33, mu bo yanduje harimwo uwo batanguye kuryamana afise imwaka 14 gusa.

Uyu mugabo yari azwi kw'izina rya "Hearty Style", yarondera abo asuka, akoresheje imbuga za internet.

Hari bamwe bamusaba kwambara agafuko, akababwira ko aziranirwa iyo agakoresheje, abandi akababwira ko aheruka kwipimisha umugera.

Bamwe mu bo bagendanye bagarutse kumubaza igihe bamariye kumenya ko banduye, yababwira ko ko we ata mugera afise.

Uretse abagore yanduje mu migenderanire bwite bagiranye, hari abandi bantu bane yanduje barimwo umwana n'abagabo batatu.

Umushikirizamanza Elena Neri yabwiye sentare ko uwo mugabo ata wundi mugambi yari afise atari gukwiragiza urupfu.

Uwo mugabo, yabuze nyina afise imwaka ine, nawe nyene ahitanywe n'umugera wa SIDA no gukoresha ibiyovyabwenga, yabwiye sentare ko iyo biba gushaka gukwiza urupfu, atari kuruha agendana n'abamuzi bazi n'umuryango wiwe.

Yavuze ahubwo ko yari kuja kurondera bo yanduza mu badandaza umubiri ku munsi ku munsi mu bubare.

Urubanza rwiwe rwamaze masaha arenga 10 mu mwiherero, imbere yo gucibwa imyaka 24, ariko abashikirizamzanza bari bamusabiye iyirenze iyo.