George Weah aremera ko avugana na Charles Taylor

George Weah yitije mu kibanza c'umukuru w'igihugu ubwa mbere mu 2005

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, George Weah yitije mu kibanza c'umukuru w'igihugu ubwa mbere mu 2005

Umwe mubitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri iberia, akaba na rurangiranwa mu mupira w'amaguru George Weah aremera ko avugana n'uwahoze atwara ico gihugu Charles Taylor.

Taylor ariko mu gifungo c'imyaka 50 mw'ibohero ryo mu Bwongereza azira ivyaha vyo mu ntambara, inyuma yo gucibwa urubanza na sentare idasanzwe mpuzamakungu ya Onu.

Weah avuga ko yitavye telefone y'uwo yahoze ari umugwanyi, anavuga ko agifise abantu benshi bamwemera muri ico gihugu.

Mu ndwi iheze, inama nshingamateka ya Amerika yaremeje ingingo yo kwiyamiriza imigambi yose ya Charles Taylor yahoze ari umugwanyi, yo kugerageza ijambo mu matora yo mu gihugu ca Liberia ari mw'ibohero.

George Weah n'umwe mu bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu 11 bashaka gusubirira prezida Ellen Johnson-Sirleaf yarangije ibiringo vyiwe.

Icegera c'umukuru w'igihugu Johnson Sirleaf, Joseph Boakai, na we nyene ari mu bitoza muri ayo matora azoba ku wa kabiri itariki 10 z'ukwezi kwa cumi.

Charles Taylor anatumikia kifungo cha miaka 50 jela Uingereza

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Charles Taylor ari mu gifungo c'imyaka 50 mu Bwongereza.

Mu bitoza harimwo umupfasoni umwe, MacDella Cooper, yahoze akora akazi ko kurata imideli.

Jewel Howard-Taylor w'imyaka 54, yahoze ari muka Charles Taylor yitoza ari kumwe na Weah.