George Weah agiye kuba umukenguzamateka muri Liberia

George Weah yatsinze amatora y'abakenguzamateka muri Liberia

Ahavuye isanamu, ZOOM DOSSOAFPGett

Insiguro y'isanamu, George Weah yatsinze amatora y'abakenguzamateka muri Liberia

Umunye Liberia yahoze ari umukinyi rurangiranwa w'umupira w'amaguru, George Weah, yatsinze yihanukiriye amatora y'abakenguzamateka yabaye mu ndwi iheze.

Bwana Weah yaronse amajwi mirongo indwi n'umunani kw'ijana mu matora akomeye y'intebe y'akarere ka Montserrado, karimwo n'umurwa mukuru Monrovia.

Yatsinze Robert Sirleaf, umuhungu w'umukuru w'igihugu wa Liberia, Ellen Johnson Sirleaf.

Aya matora ariko ntiyitabiriwe cane kubera ubwoba bw'ikiza ca ebola, naho hari hafashwe ingingo zikomeye zo gukingira ibiro vy'amatora.

Ico kiza kimaze guhitana abantu bashika ibihumbi indwi, cane cane mu burengero bwa Afrika.