Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzoga itemewe n'amategeko yishe 9 muri Tanzaniya
Niburiburi abantu 9 bapfuye abandi benshi bajanwa mu bitaro inyuma yaho banywereye inzoga itemewe n'amategeko i Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzaniya.
Ubutegetsi bwemeza ko iyo nzoga yarimwo ubumara bwitwa 'GV' canke "Gentian violet", umuti ukoreshwa ku mubiri watewe n'imigera, bukavuga ko aribwo bwoba bwatumye bapfa.
Mu gihe inzoga yo mu kibano ikogwa hakoreshejwe imbuto, intete canke imboga, hari abandi bongeramwo ubumara bwica kugira ngo ikare, ihurumbigwe n'abakiriya.
Nta muntu numwe yafashwe ku bijanye n'ivyabaye.
Iyo nzoga bita "gongo" inyobwa kurusha izindi nzoga kubera ko izimbutse uyigereranije n'izindi.
Ubutegetsi ntiburashobora kubuza iyo nzoga, bikavugwa ko bamwe mu bategetsi bari mu bayinywa, abandi bakaba mu bayikoreramwo ivyashara.