Kenyatta: Ingingo ya Sentare ni "ihirika rikozwe n'igisata c'ubutungane"

Ahavuye isanamu, TWITTER
Umukuru w'igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta n'icegera ciwe William Ruto bavuze ko ingingo ya Sentare Ntahinyuzwa yo gufuta ivyavuye mu matora, ari "ihirika rikozwe n'igisata c'ubutungane".
Abo bategetsi bashikirije ivyo inyuma y'amajambo Sentare Ntahinyuzwa yashikirije ku munsi wa gatatu, abacamanza bashikiriza insiguro ku vyatumye bagira impfagusa amatora yo kw'itariki 8, ukwezi kwa 8.
Igitigiri kinini c'abacamanza bavuze ko ayo matora "ata muco wayaranzwemwo kandi ko atashobora guhinyuzwa".
Bwana Kenyatta yavuze ko ata matora "aburamwo amakosa".
Abacamanza bahakanye ivyavuye mu matora, bavuze ko amakosa yakozwe yabaye menshi kandi agashobora kuyovya ku woba yayatsinze.






