Sentare ntahinyuzwa ya Kenya iramenyesha igituma amatora asubirwamo

Ahavuye isanamu, NTV
Sentare ntahinyuzwa ya Kenya iratanga ivyatumye ifata ingingo ko amatora y'umukuru w'igihugu asubirwamwo.
Atangura gushikiriza icatumye ayo matora asubirwamwo, icegera c'uwurongoye sentare ntahinyuzwa, Philomenu Mwilu, yavuze ko abajejwe gutegura amatora bamenyesheje ko Uhuru Kenyata ari we yatsinze.
Aho yari yarushije uwo bahanganye Raila Odinga amajwi ashika ku miliyoni n'igice.
Ariko abatavuga rumwe na reta baritwaye berekana ko habaye ubusuma.
Umupfasoni Philomenu Mwilu yavuze ko kuba akanama kajewe gutegura amatora (IEBC) karanse gukurikiza amabwirizwa kahawe na sentare kugira abatavuga rumwe na reta bahinyuze ivyo bari bafiseko amakenga, vyerekana ko ivyo bavuga ko hari abinjiye mu nyabwonko vyoba ari ivyo.
"Kubera ubugaba bwa IEBC bwo kwanka ivyo yategetswe, nta kindi sentare yari gukora atari kwemera ivyo abitwaye bavuga ko inyabwonko za IEBC zinjiwemwo n'abandi bantu bahindura ibiharuro," ni ko yavuze.
Hanyuma kandi IEBC yari yahakanye ko yari yahagaritse igikorwa c'irungikwa ry'ibiharuro hifashishijwe inyabwonko.
"IEBC ubwayo yaragize uruhara mu gutanga ibiharuro bitari vyo canke kwanka kwemera ko yahagaritse ivyuma birungika ibiharuro kuburyo bitashoboka kurungika ibiharuro vy'amajwi," ni ko yavuze.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters
Hagati aho, abayoboke b'urunani rutavuga rumwe na reta NASA bari bakoraniye imbere ya sentare ntahinyuzwa aho bari bahanganye n'igipolisi.

Ahavuye isanamu, AFP/ GETTY IMAGES
Mu ndwi zibiri ziheze, sentare ntahinyuzwa yavuze ko ayo matora yaranzwemwo utunenge twinshi, ko ategerezwa gusubirwamwo.
Abajejwe gutegura amatora batanze ikirangamisi ko azosubirwamwo itariki 17 z'ukwezi kwa cumi ariko ikompanyi ijejwe gusubiramwo ubuhinga buzokoreshwa muri ayo matora, ivuga ko bigoye kugira bazobe bahejeje.










