Sentare ntahinyuzwa ya Kenya iramenyesha igituma amatora asubirwamo

Icegera c'umukuru wa sentare ntahinyuzwa muri Kenya Philomenu Mwilu

Ahavuye isanamu, NTV

Insiguro y'isanamu, Icegera c'umukuru wa sentare ntahinyuzwa muri Kenya Philomenu Mwilu

Sentare ntahinyuzwa ya Kenya iratanga ivyatumye ifata ingingo ko amatora y'umukuru w'igihugu asubirwamwo.

Atangura gushikiriza icatumye ayo matora asubirwamwo, icegera c'uwurongoye sentare ntahinyuzwa, Philomenu Mwilu, yavuze ko abajejwe gutegura amatora bamenyesheje ko Uhuru Kenyata ari we yatsinze.

Aho yari yarushije uwo bahanganye Raila Odinga amajwi ashika ku miliyoni n'igice.

Ariko abatavuga rumwe na reta baritwaye berekana ko habaye ubusuma.

Umupfasoni Philomenu Mwilu yavuze ko kuba akanama kajewe gutegura amatora (IEBC) karanse gukurikiza amabwirizwa kahawe na sentare kugira abatavuga rumwe na reta bahinyuze ivyo bari bafiseko amakenga, vyerekana ko ivyo bavuga ko hari abinjiye mu nyabwonko vyoba ari ivyo.

"Kubera ubugaba bwa IEBC bwo kwanka ivyo yategetswe, nta kindi sentare yari gukora atari kwemera ivyo abitwaye bavuga ko inyabwonko za IEBC zinjiwemwo n'abandi bantu bahindura ibiharuro," ni ko yavuze.

Hanyuma kandi IEBC yari yahakanye ko yari yahagaritse igikorwa c'irungikwa ry'ibiharuro hifashishijwe inyabwonko.

"IEBC ubwayo yaragize uruhara mu gutanga ibiharuro bitari vyo canke kwanka kwemera ko yahagaritse ivyuma birungika ibiharuro kuburyo bitashoboka kurungika ibiharuro vy'amajwi," ni ko yavuze.

Abayoboke ba NASA imbere ya sentare ntahinyuzwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Abayoboke ba NASA imbere ya sentare ntahinyuzwa
Igipolisi cari carikanuye gihanganye n'abayoboke ba NASA

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igipolisi cari carikanuye gihanganye n'abayoboke ba NASA

Hagati aho, abayoboke b'urunani rutavuga rumwe na reta NASA bari bakoraniye imbere ya sentare ntahinyuzwa aho bari bahanganye n'igipolisi.

Rais Uhuru Kenyatta (i bubamfu) n'umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta Odinga ni bo bonyene bazohiganwa mu matora mashasha

Ahavuye isanamu, AFP/ GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Rais Uhuru Kenyatta (i bubamfu) n'umukuru w'urunani rutavuga rumwe na reta Odinga ni bo bonyene bazohiganwa mu matora mashasha

Mu ndwi zibiri ziheze, sentare ntahinyuzwa yavuze ko ayo matora yaranzwemwo utunenge twinshi, ko ategerezwa gusubirwamwo.

Abajejwe gutegura amatora batanze ikirangamisi ko azosubirwamwo itariki 17 z'ukwezi kwa cumi ariko ikompanyi ijejwe gusubiramwo ubuhinga buzokoreshwa muri ayo matora, ivuga ko bigoye kugira bazobe bahejeje.