Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umwana w'imyaka 17 yikoreye telefone
Umwana w'umuhungu w'imyaka 17 aba muri Canada yarikoreye telefone inyuma yaho nyina w'umusomali amubwiriye ko atoronka amahera yo kumugurira iyo mu bwoko bwa "smartphone".
Avugana na BBC, Mo Omer yiyita "incabwenge mu vy'ubuhinga" - yavuze ko yakoze "smartphone" kuva ku ntango, avuga ko azoyigurisha amadolari 180.
"Ino telefone ifise ibintu vyose usanga mu zindi telefone, ntigugwa menshi," niko yabwiye BBC.
Amatelefone "si ibintu bigoye gukora", niko yabandanije avuga - avuga ko yiyumvira gukorera mu duce twa Afrika.
"Hari abantu bashaka kuduha isoko muri Nigeria na Algeria no mu tundi duce twinshi. Ni isoko riguma ryaguka twamye twiyumvira gukoreramwo".