Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abakurde bo muri Irak bavuga ko biteguye kugira igihugu cabo
Prezida w'ako karere ka Kurdistan mu gihugu ca Irak yavuze ko ako karere kagiye kwerekana imbibe mu misi ya vuba mu gihe igihugu ca Irak kitokwemera amatora ya kamarampaka yitezwe mu mpera z'uku kwezi.
Massoud Barzani yabwiye BBC ko ashaka kwumvikana na reta mu gihe aba Kurde boba bashaka kwigenga.
Umushikiranganji wa mbere wa Irak yaranse ayo matora ya kamarampaka avuga ko adakurikije amategeko.
Barzani kandi yagabishije ko aba Kurde bazotana mu mitwe n'umugwi uwo ari wo wose uzogerageza uzoshaka kwinjira muri ako gace ku nguvu.
Abagwanyi b'aba Kurde ba Peshmerga bigaruriye ico gisagara gifise ubutunzi bwinshi bw'igitoro, kandi kibamwo abarabu benshi hamwe n'utundi duce twahora mu minwe twahora mu minwe y'ubutegetsi bwa Baghdad haraciye imyaka itatu.
Abagwanyi b'aba Shia bavuga ko batazemera ko ico gisagara ca Kirkuk kija mu turere twa Kurdistan.
Aba kurde bagira kane mu bwinshi mu karere ko mu burasirazuba bwo hagati ariko nta gihugu bafise.
Mu gihugu ca Irak aho bashika bice biri hagati ya 15 na 20 kw'ijana y'abantu imiliyoni 37, aba Kurde bamaze imyaka myinshi baracinyijwe n'amareta y'abarabu, imbere yo kwiyonkora bivuye ku ntambara yo mu kigobe c'abarabu yo mu 1991.