Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca bombe inyuma y'ifatwa ry'abategetsi b'aba Kurde
Abategetsi babiri b’umugambwe w’aba kurde, People’s Democracy (HDP), bari mw’ibohero hamwe n’abandi bashingamateka icenda.
Salahattin Demirtas na Figen Yuksekdag bapfungiwe ku mihana yabo mu gihe bariko barabagirako amatohoza y’iterabwoba, nk’uko abo mu nzego zijejwe umutekano babibwiye ibinyamakuru vyo muri Turkia.
Inyuma y’amasaha make Demirtas afatiwe I Diyarbakir, imodoka itezwemwo bombe yaciye ihaturikira, ikomeretsa abantu 20.
Diyarbakir, mu bumanuko bushira ubuseruko, ni igisagara co muri Turkia cingajemwo aba kurde.
Imodoka zitwara abarwaye zaboneka zigira uruja n’uruza aho ico kibombe caturikiye, hakaba hari n’inkuru ko umuntu yoba yapfiriye hagufi inzu y’igipolisi.
Umupfasoni Yuksekdag na we apfungiwe ku mugwa mukuru Ankara.
Igihugu ca Turkia kiracagengwa n’ibihe bidasanzwe vyashizweho inyuma y’igeragezwa ry’itembagazwa ry’ubutegetsi.
Biha akaryo prezida Recep Tayyip Erdogan na reta yiwe, gufata ingingo batarinze kubaza inama nshingamateka, kugabanya canke kubuza uburenganzira bwo kwishira no kwizana.