Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abantu 36 biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi muri Turkia
Abantu 36 biciwe mu gitero c'ubwiyahuzi ku kibuga c'indege ca Istanbul mu gihugu ca Turkia, abandi barenga 100 barakomereka.
Igikorwa co gutwara abantu n'ibintu kuri ico kibuga c'indege cahagaze mu gihe bariko baratabara banafasha abakomeretse.
Umukuru w'igisagara ca Istanbul yemeje ko abo bantu 32 bapfuye n'abandi bakomeretse.
Ababibonye bavuga ko, babonye abantu batatu, umwe muri bo akaba yariko ararasa imbere yo kwiturikirizako bombe aca arapfa.
Ivyo bitero vyabereye ku muryango wo kwinjira ku kibuga c'indege.
Umukuru w'igihugu ca Turkia, Recep Tayyip Erdogan yiyamirije ivyo bitero, asaba hoba ugufatana mu nda mu kubigwanya.
Igihugu ca Turkia kirageramiwe n'ibitero vy'iterabwoba biva ku mpande zibiri, ubwa mbere ibigirwa n'abagwanyi b'umugwi wa Islamic State baza bava mu gihugu ca Syria, hamwe rero n'umugwi w'aba Kurde bashaka kwiyonkora kuri ico gihugu.