Caf yasibije urugendo muri Kenya

Kenya yiteguye kwakira inkino za CHAN umwaka uza

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Kenya yiteguye kwakira inkino za CHAN umwaka uza

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru ku mugabane wa Afrika Caf ryasibije urugendo rwari rutegekanijwe ku munsi wa kane w'indwi iza, mu nzira y'imyiteguro y'igikombe ca CHAN.

Ku munsi wa gatanu, sentare nyahinyuzwa yimye agaciro ivyavuye mu matora aheruka mu kwezi guheze, aho perezida Kenyatta yari yatangajwe ko ariwe yatsinze.

Umukuru w'ishirahamwe ry'imigwi y'umupira w'amaguru muri Kenya Nick Mwendwa, yamenyesheje ko abategetsi ba Caf bazorungika icegera ca kabiri c'iryo shirahamwe Constant Omari, kuraba uko vyifashe muri politike imbere yo gukora iryo genzura.

Bwana Omari yari kuba yshitse muri Kenya kuri uyu w'Imana.

Amahiganwa ya CHAN ajamwo imigwi 16, arimwo abakinyi bakinira mu bihugu iwabo gusa.

Iryo higanwa riteganya kubera muri Kenya guhera hagati ya 12/01-04/02 mu mwaka uza.

Ihiganwa ryaheruka ryabereye mu Rwanda mu mwaka uheze, aho Republika iharanira Demokarasi ya Congo ariyo yatahukanye intsinzi.