Onu: Aba Rohingya 40000 nibo bamaze guhungira muri Bangladesh

Ishirahamwe mpuzamakungu Onu ryamenyesheje ko impunzi zishika 40000 z'aba Rohingya, arizo zimaze gushika mu gihugu kibanyi ca Bangladesh mu ndwi imwe.

Ngo hari ibiziga 26 birimwo ivy'abana 11, vyatowe ku munsi wa gatanu, abo bantu bakaba bapfuye bariko barajabuka uruzi ruri ku mupaka mu bwato.

Amakuru aturuka mu gisirikare ca Myanmar avuga ko abantu 370 bamaze kwicwa mu bwicanyi bumaze iminsi itandatu, bwatanguye inyuma yaho umugwi mushasha w'abagwanyi b'aba Rohingya batereye ku birindiro birenga 20 vy'igipolisi.

Umuhinga wa Onu mu vy'agateka ka zina muntu, Yanghee Lee, yavuze ko atewe umwitwarariko n'ukuntu ubwicanyi buguma bwiyongera, bugatuma abanyagihugu baguma bahunga bavuye mu ntara ya Rakhine muri Myanmar.