Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yiyemeje gutsinda intambara yo muri Afghanistan
Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko kuvana abasirikare ba Amerika muri Afghanistan vyotuma ibibanza barimwo bijamwo abitwaje iterabwoba.
Yavuze ko mu nteguro yiwe yashaka gutahukana abo basirikare ba Amerika, ariko mu nyuma ko yafashe ingingo yo kubagumizayo kugira birindi amakosa yabaye mu gihugu ca Irak.
Yavuze kandi ko azongereza abasirikare barungikwa muri ico gihugu ca Afghanistan.
Ariko aravugira ku mboneshakure, prezida Trump yavuze ashimitse ko ico Amerika ishira imbere ari gukora ibintu bifitiye akamaro umutekano w'ico gihugu.
Yavuze kandi ashimitse ko kuva muri Afghanistan ikitaraganya, vyoha akaryo keza abitwaje iterabwoba gusubira kwisuganya nk'uko vyagenze mu gihugu ca Irak.
Ariko kandi Trump yaciye ku ruhande ikibazo co kumenya gushika ryari Amerika izoguma ifashanya na Afghanistan hamwe n'igitigiri ntabanduka c'abasirikare bagiye kwongerezwa.
Trump yagirije igihugu ca Pakistan acagiriza ko gihaye indaro abitwaje iterabwoba, avuga ko bakwiye kubihagarika vyihuta.
Yavuze kandi no kuvyerekeye gukomeza ubucuti n'igihugu c'Ubuhinde.