Tanzania: Kompanyi za telefone zaciwe amande

Ikigo kijejwe kijejwe kuraba uko amakompanyi ya telefone akora caciye amanda amakompanyi atandatu kubera gutanda amakarata (carte sim) banyeneyo batayandikishije.

Muri ayo makompanyi harimwo Vodacom yaciwe ihadabu ry'amashillingi ya Tanzania 945.000.000 (422.000), Airtel, Smart, Tigo, Zantel na Halotel.

Ikigo kijejwe kwihweza itumatumanako muri Tanzania kivuga mu rwandiko rugenewe abamenyeshamakuru casohoye, ko izo kompanyi z'amatelefone zatanze amakarata ya telefone ata vyangombwa vyerekanywe, nka karangamuntu canke gufata amafoto abo bazihaye.

Mu 2015, ikigo kijewe kugenzura itumatumanako muri Nigeria caciye ihadabu kompanyi yo muri Afrika y'epfo ya MTN , angana n'amadolari ya Aerika imiriyaridi 5.2 inyuma yo kunanirwa gucira imihora abafise amakarata atandikishijwe.

Ayo mande yaragabanijwe inyuma y'ibiganiro vyahuje MTN hamwe n'abategetsi ba Nigeria