Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inama ya G20 yarangiranye ibibazo
Vyagaragaye ko Leta ya Washington yiyemeje kuva mu masezerano ya Paris Kw'ihindagurika ry'ibihe, igafata n'ingendo yo gukingira inyungu zayo mu rudandazwa.
Ibindi bihugu vyose vya G20 vyemeje kiretse Amerika ko amasezerano y'i Paris ntasubigwamwo.
Perezida Trump yaronse n'iyindi ntsinzi mu rudandazwa.
Mw'itangazo abagize umugwi G20 bashoye barangiza inama, bemeranije kugwanya ingeso yo kwikwegerako no kwiyugarana ku masoko y'urudandazwa.
Ariko bemeza ko buri gihugu gishobora gufata ingingo zo kwikingira mu rudandazwa mu gihe hakoreshejwe amategeko yemewe ajanye no kwikingira mu rudandazwa.
Abihweza utuntu n'umutundi bavuga ko ayo majambo aha uburenganzira Trump bwo gukomeza umugambi wiwe wo gushira imbere inyungu z'igihugu ciwe bise "America First".